Pinned Tweet
Replying to @harmless_tweep
Urafise inka nyinshi tukwite umututsi ?
Urafise uwakugabiye tukwite umuhutu wiwe ?
Urashoboye gucura tukwite umutwa ?
uri umurundi mugenzi amahano y'amoko ni imbibe mu mitima twashizwemwo ngo twankane kuko urubibe ni urwanko .
Ibihe bihindura vyinshi kuri benshi. Aka ga photo katunzwe na benshi muri ngendanwa imyaka iheze none ubu uwomubona ni we amwibuka.
75
Isi ntisiguza ahubwo irasigura ubwayo. Ntuzokwijajare niwabona umugenzi wawe acuditse n’umwansi wawe. Atari ijisho ryiwe uzosanga ari ugutwi kwiwe kandi wewe uri umwansi wa bose. Ambika akarimi, nta karimbi kazana urukundo! Ni 33.
Isi ntisiguza ahubwo irasigura ubwayo. Ntuzokwijajare niwabona umugenzi wawe acuditse n’umwansi wawe. Atari ijisho ryiwe uzosanga ari ugutwi kwiwe kandi wewe uri umwansi wa bose. Ambika akarimi, nta karimbi kazana urukundo! Ni 33.
119
Uzokwitwararike abagukomokako cane, abandi ugenze buhoro kuko barahinduka kandi cane; nihagera kuri ndagukunda urabaza uti:«Unkundira iki ? Gushika ryari?»
Aho uzotahura ko umutima ushima utagira
umushiha kandi ugira umushiha ashima umunsi
n'ibintu atari umuntu n'ibihe !Bazizana!
6
222
Ikibi si ukubana n’abansi ni ukwama utwengera abitwa abakuvuga nabi urenganye; ukubana n’indyarya ni ugupfa bukebuke n’aho ubona atacabaye.Uguhemukirwa ntibibabaza kuruta kumenya ko wabanye n’amabingira, ubimenya utahuye ko ata bagenzi watakaje ahubwo bo batakaje umuntu muzima.
Niwaba umwankira ko yavyariye iwabo , igore basi unamukundire ko atanize umwana (atakoroye inda) kuko hari benshi mu kibano banize abana ataco bazi kandi ataco bazira mufata nk'abantu beza kandi ari ibikoko vyigendera, abicanyi beruye !
Muri 33 y’ubu buzima buzinduka butaramba, ni vyiza kwemera canke guhakana tutarinze guterana amajambo , kwiga guhora ata gahigihigi n’inzigo kandi tugatahura ko gutandukana atari ikimenyetso c’urwanko.
Uguhuriza ku vyo tudahurizako ni vyo bituma amahoro aganza mu yacu mitima.
3
173
Dizasta Vina - Utaliimba Jina Langu Ft G Nako youtu.be/o6HF2JRhAyo?si=UibP… via @YouTube
Ndugu @ngendapatrick huyu wimbo umekua kwa playlist yangu wiki mbili hizi, naomba uskilize mwanaharakati huu utakubali fumbo zake saana.
155
Uwubuze uwiwe agirwa n’abiwe! Uru ni urubu rubi kandi rutagira imburi, ukwihangana kuraguma ariko ugumize umutima mu nda, Imana Ibafashe n’umuryango usigaye !
I AM HEARTBROKEN to announce the passing of my beloved wife, A.B MUHARI. We thank God for the time we shared with her. A gentle and loving mother, gone too soon. RESTWELL BELLA.
9
571
Ku myaka 33 y’ubupfuvyi, naratahuye ko uwishe uwawe yokwiyezako imbere y’abandi, akavugira abandi ukundi kuko muri murundi uzi hama harimwo uwundi utazi.
Igipimo c’ubutwari ntigikwiye kuba mu majambo dushikiriza gusa ariko mu bikorwa dutangamwo akarorero keza.
Imico myiza n’indero runtu ni vyo bizosubiza ubuntu uruvyaro rwacu: Abana tubarere ariko ntitubatunge kuko indero iruta kandi itanga indya!
Ndazirikana ijambo ry’umuhisi @ElviJimmy
#Tuduge
#soc2026
Turababara can iyo duhuye n’abatugirira nabi ariko tukibagira ko ibihe ariko bimeze . Inyuma yo gusoma bibliya kandi , ni ukuzirikana ko imbere yo kumenya ubwiza bwa Simoni bavuga ko yatwaje umusaraba yesu hariho n’ububi bwa yuda yamushize muri mubambe.
Nta mubi/mwiza kuri bose!
3
274
Iyo uri umugabo akenye ukarenga ibigo, umugore avuga ko umuvanga ariko iyo uri umutunzi ho avuga ko hari abakobwa bashaka kumutwarira umugabo.
Uw’Imana isize umunyu, bose bipfuza kumurigata gusa no mu kwaha barafyeta!
5
414
Urya ubwira twose, ufata nka Somambike afise uyundi afata uko umufata nyene, amubwira ico atokubwira kuko ari ibanga. Ukabura amakenga uramenya ko ata banga ryarimwo kuko woribwira n’uwundi ataco wikanga.
Amakenga nk’ay’inzoka n’uguharira nk’ukw’imbwa birinda uhumeka guhemuka.
Umunsi mukuru mwiza bene Afrika n'iyi ndirimbo ya Timy Nassor - Kana k'Afrika [official video] youtu.be/UctaZmowxHk?si=uT0y… via @YouTube
290









